Uko wahagera

Abantu 55 muri Sierra Leone nta Ebola Bafise

  • VOA Africa

Igihugu ca Sierra Leone carekuye ejo ku musi wa gatatu abantu 55 bari bakumiwe inyuma yuko vyibonekeje ko ata Ebola bafise. Bari bakumiwe mu kwezi guheze inyuma yuko abantu babiri bemejwe ko bafise Ebola.

Sidi Yahya Tunis, umuvugizi w’ibiro bijejwe ibikorwa vyihutirwa ku bijanye n’amagara y’abantu mu bushikiranganji bujejwe amagara y’abantu muri Sierra Leone, yatangaje kw’abarekuwe vyibinekeje ko ata Ebola bafise.

Yatangaje kw’abanya Sierra Leone bomenya ko uko biri kwose igihugu muri iki gihe gifise uburyo bw’ugutuma abantu bashasha basanganywe umugera wa Ebola badashobora kuwukwiragiza.

Sidi Yahya Tunis yatangaje kw’abo bantu 55 bari bakumiwe mu kiringo c’imisi mirongo ibiri n’umwe, bakaba barangije ikiringo c’imisi 21 umugera wa Ebola umara mu mubiri imbere yuko ibimenyetso vyigaragaza hanze.

XS
SM
MD
LG