Uko wahagera

Amerika Yemereye Inkunga Impunzi z'Abanyasiriya

  • VOA Africa

John Kerry

John Kerry

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe z'Amerika, John Kerry, yatanze hafi y’umuliyaridi w’amadolari y’infashanyo nshasha igenewe impunzi z’Abanyasiriya. Aho hari mw’ikoraniro mpuzamakungu ry’abatanga infashanyo. Kerry yasavye Reta y’igihugu ca Siriya n’Uburusiya guhagarika ibitero mu bice birimwo abarwanya ubutegetsi kugira birekurire infashanyo kurengana.

Inama mpuzamakungu y’abatanga infashanyo yatanguye ibikorwa vyayo uno musi ku wa kane i Londres mu gihugu c’Ubwongereza aho umuryanngo w’ubumwe bw’Ubuyali wemeye amafranga arenga imiliyaridi zitatu z’amadolari agenewe gufasha abanyagihugu muri Siriya no mu bihugu vya Jorudaniya, Libani na Turukiya, ibihugu bibanyi vya Siriya birengewe n’igitigiri c’impunzi ziriko zihunga ingwano muri Syria.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, John Kerry avuga ko igihugu ke kiriko gitanga iyindi nfashanyo y’imiliyoni amajana atandatu y'amadolari iginewe abanyagihugu muri Siriya. Iyo nfashanyo yiyongera ku miliyoni amajana abiri na mirongo icenda y’infashanyo ijejwe cane cane ivyerekeye indero ku bana b’impunzi mu bihugu vya Jorudaniya na Libani.

XS
SM
MD
LG