Uko wahagera

ONU: U Rwanda Rutoza Abarwanya Uburundi


Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Mahama
Impunzi z'Abarundi mu nkambi ya Mahama

Raporo y'abahinga b’ishirahamwe mpuzamakungu bagenzura ibihano byafatiwe Kongo ivuga ko u Rwanda rwivanga mu bibazo by'Uburundi.

Iyo raporo, yabonywe n'Ibiro ntaramakuru by'Abongereza Reuters ivuga ko Abarundi bagwanya ubutegetsi, batwarwa hagati mu gihugu c’u Rwanda, bari mu makamyo ya gisirikare. Nk'uko iyo raporo obivuga, kenshi na kenshi, ayo makamyo aba aherekejwe n’abasirikare b’u Rwanda.

Abo bagwanyi baratangarije abahinga ba ONU kw’umugambi wabo ntabanduka ar’ugukura ku butegetsi Perezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza.

Ambasaderi aserukira u Rwanda mw’ishirahamwe mpuzamakungu, ONU Eugene Gasana, yariyamirije ivyo birego vyagirizwa reta y’u Rwanda.

Yabwiye ibiro bijejwe gutangaza amakuru Reuters kw’iyo raporo igaragaza kw’ibitangazwa n’uyo murwi w’abahinga ba ONU, basa n’abarenze ku mabanga bari bajejwe yo gukora itohoza mu bikorwa mu Burundi, bidashobora kwemerwa.

Iyo raporo ntivuga niba abo bagwanyi b’abarundi barinjiye mu gihugu ca Repubulika ya Kongo Iharanira demokarasi. Yamara icegera ca Ambasaderi aserukira igihugu c’Uburusiya muri ONU, Petr Illichev, mu kwezi guheze, yavuze ko hari amakuru yatangajwe, avuga kw’abagwanyi b’abarundi bagerageje kwinjira muri Kongo bashaka kwinjiza mu murwi wabo abandi bagwanyi.

Impuguke za ONU zivuga ko abagwanyi b’abarundi binjiye muri Kongo, berekanye karangamantu zabo z’amagendo, zakorewe mu Rwanda, kugira ngo ntihagire abantu babikeka muri ico gihugu

Reta y’Uburundi mu kwezi kwa 12 yarareze reta y’u Rwanda kw’igishigikiye umurwi urwanya ubutegetsi, wariko winjiza impunzi z’abarundi ziri ku butaka bwarwo. Yamara Perezida w’u Rwanda Paul Kagame yariyamirije ivyo birego, avuga ko bimeze nk’ivy’abana.

Abategetsi bagize inama mpuzamakungu ijejwe umutekano, baragize urugendo mu Burundi; urugendo rwabo rwagira kabiri mu kiringo kiri musi y’amezi cumi. Ishirahamwe mpuzamakungu rivuga kw’abantu bashika 439 bamaze kwicwa mu Burundi, mu gihe abarenga ibihumbi 240, bahungiye mu biindi bihugu.

Igihe Ambassaderi aserukira Reta zunze ubumwe z'Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu, Samantha Power yari mu Burundi, yaratangaje ko yashikirije amakenga yerekeye ivyo birego.

XS
SM
MD
LG