Uko wahagera

Grenade Zitatu Zatewe I Bujumbura


Igipolisi kivuga ko abantu umunani aribo bakomeretse, umwe arababara rwose ku kuguru hongera hafatwa abantu babiri kubw’imvo z'amatohoza
Igipolisi kivuga ko abantu umunani aribo bakomeretse, umwe arababara rwose ku kuguru hongera hafatwa abantu babiri kubw’imvo z'amatohoza

Ku muhingamo wo kuruyu wa gatatu hatewe ama grenade atatu hagati mu gisagara ca Bujumbura.

Igipolisi kivuga ko abantu umunani aribo bakomeretse, umwe arababara ku kuguru hongera hafatwa abantu babiri kubw’imvo z'amatohoza.

Bamwe mubari hafi y’ahatewe izo grenade bamenyesha ko umuntu umwe yoba yapfuye ahitanywe nizo grenade ya mbere yaturitse nk’igihe c’isaha zitandatu n’iminota 15 z’umutaga.

Iyo yatewe imbere y’ishirahamwe ry’ugutumatumanako amakuru ritunganywa n’abagwizatunga bava mu gihugu ca Vietinam ryitwa Lumitel.

Iyakabiri yaguye ku metero nkeya y’ahatewe iyo ya mbere ikaba yaturikiye mu kibanza kibikwamwo imiduga, ica yonona umuduga.

Mu gihe abajejwe umutekano bariko barakizura basaka bongera baraba ikintu cose biketse hagati mu gisagara ca Bujumbura na cane mu micungararo y’ahaturikiye ayo ma grenade abiri, grenade ya gatatu yaciye yumvikana ku gituro c’ama bus aja mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye yabwiye Ijwi ry’Amerika ko hihwejwe ubuhinga bw’inzego z’umutekano ayo ma grenade ukwaratatu yoba yatewe n’umuntu umwe. Yasiguye ko ico bita goupille ya Grenade catowe imbere y’ishirahamwe rya Leta ry’ugutumatumanako amakuru ONATEL ryegereye ahaguye grenade zibiri za mbere, biboneka ko nyene kuzitera yoba yaciye abandanya ku gituro c’ama bus ahatewe iyagatatu kuko ari haruguru yaho.

Abanyagihugu barafise impanuro n’ico basaba abatera ama grenades naho batabazi.

Inyuma y’iturika ry’ayo ma grenande, amabanki akorera mu gisagara ca Bujumbura, amaduka n’amabarabara vyugawe akanya katari gato.

XS
SM
MD
LG