Uko wahagera

Perezida Obama Aragendera Umusigiti

Mu myaka indwi amaze kubutegetsi Perezida Obama yaragendeye abayisilamu bo muri Kayiro muri Misiri, abo I Jakarta muri Indoneziya n’abo i Istambul muri Turukiya.

Perezida Barack Obama wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika aragendera umusigiti w’abayisilamu uri mu gisagara ca Baltimore muri Reta ya Maryland.

Mur’urwo rugendo rwa mbere Perezida Obama azoba agendeye mu musigiti wo muri Amerika, arabonana n’abanyamerika bari mw’idini ry’ikiyisilamu.

Umuvugizi wo mubiro vya Perezida Obama Josh Earnest yamenyesheje ko Perezida Obama azoba atwaye ubutumwa bwo kurwanira uburenganzira bw’abayisilamu bo muri Amerika bwo gusenga Imana bakurikije imigenzo n’iragi basigiwe n’abakurambere.

XS
SM
MD
LG