Uko wahagera

RCA: Abatuye PK5 Barasaba Reta Ibigwanisho


Abasirikare b’igihugu ca Repubulika ya Santrafurika bari mw’idini ry’abayisilamu basaba reta yabo kuronswa ibigwanisho hamwe n’amasasu bikwiye kugira babashe gukingira agace kabamwo abanyagihugu bo mw’idini yabo kari I Bangui. Bamenyesha ko ako gace kabangamiwe n’imihari y’abitwaje ibirwanisho.

Mu gace kari mu micungararo y’isoko nkuru y’I Bangui, kitwa PK5 niho hasigaye abayisilamu inyuma yaho habaye ubwicanyi bw’amoko mu myaka itatu iheze.

Umwe mur’abo basirikare yabwiye Ijwi ry’Amerika mw’ibanga ko bafise ibigwanisho bidakwiye kandi ko bama batanye mu mitwe n’imigwi y’abantu bitwaje ibigwanisho bikomeye bashigikiwe n’abanyepolitike bo mu rwego rwo hejuru.

XS
SM
MD
LG