Uko wahagera

Burundi: Afurika Ntiyumvikanye Kohereza Ingabo


Perezida Paul kagame mu nama y'abakuru b'ibihugu by'Afurika muri Etiyopiya. Inyuma hari minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'u Rwanda Louise Mushikiwabo.
Perezida Paul kagame mu nama y'abakuru b'ibihugu by'Afurika muri Etiyopiya. Inyuma hari minisitiri w'ububanyi n'amahanga w'u Rwanda Louise Mushikiwabo.

Inama igira iya 26 y’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika yarangiye mu mpera z’iyi ndwi turangije I Addis Abeba ku murwa mukuru w’igihugu ca Etiyopiya. Uburundi nibwo bwashimikiweko cane ku rutonde rw’ibibazo vyihwejwe.

Umutegetsi mukuru w’urwego rujejwe amahoro n’umutekano rw’umuryango w’ubumwe ba Afurika, Smail Chergui, yatangaje ejo ku musi w’Imana kw’umuryango w’ubumwe bwa Afurika utazorungika inteko zijejwe gucungera umutekano ibihumbi bitanu zari zategekanijwe mu Burundi.

Perezida w'u Rwanda Paul Kagame yari yitabye iyo nama. Nyamara, Perezida w’Uburundi, Pierre Nkurunziza ntiyari yitavye inama y’umuryango w’ubumwe bwa Afurika. Reta yiwe ikaba yari yagabishije kw’irungikwa ry’inteko zijejwe gucungera umutekano mu kuvuga ko zobonwa nk’inteko zije gutera igihugu.

Ah’ukurungika izo nteko, umuryango w’ubumwe bwa Afurika uzorungika umurwi w’abategetsi bakomeye bawo I Bujumbura kuganira ivyerekeye gushobora kurungika inteko zijejwe gucungera umutekano.

Umuyobozi w’ishule ryigisha ivyerekeye amategeko muri Kenya, PLO Lumumba avuga ko adashimishwa n’ingingo y’umuryango w’Ubumwe bwa Afurika y’ukutarungika inteko zijejwe guncugera umutekano mu Burundi mu kuvuga ko umuryango w’ubumwe bwa Afurika wasubiye ku ngingo yawo kubera impamvu za politike.

Amenyesha kw’iyo ngingo ibwira abategetsi b’Uburundi ko bashobora gukora ivyo bashaka mu gihe umuryango w’Ubumwe bwa Afrika uzoraba hirya.

Avuga ko ari ibintu bibabaje.

XS
SM
MD
LG