Uko wahagera

Burundi: Reta Ibandanya Kwiyamiriza Inteko z'Abanyafrika


Uburundi kw'ikarata
Uburundi kw'ikarata

Ku musi w’imbere y’inama y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopia, Addis Abeba, Reta y’Uburundi yasubiye gutangaza ko itazokwemera inteko zijejwe gucungera umutekano z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika mu gihugu.

Ejo ku musi wa kane, urunani rw’abatavuga rumwe na Reta, CNARED, rwasavye umuryango w’ubumwe bwa Afrika n’amakungu kurungika inteko zijejwe gucungera umutekano mu Burundi. Umuyobozi w’urwo runani, Leonard Nyangoma yavuze ko niyo amakungu yananirwa gushigikira Abarundi, ivyo bizotuma haduka imirwi yitwaje ibirwanisho izorwanya ivyo yise agasomborotso ka prezida Pierre Nkurunziza.

Reta y’Uburundi yaza yatangaje kw’inteko zijejwe gucungera umutekano z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika zizobonwa nk’inteko zije gutera igihugu.

Umuhanuzi mukuru ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa prezida w’Uburundi, Willy Nyamitwe amenyesha yamara ko Reta y’Uburundi izobwira abategetsi b’ibihugu vyo muri Afrika kw'Uburundi bwiteguriye gukorana n’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika muri rusangi.

XS
SM
MD
LG