Uko wahagera

Burundi: Abamenyeshamakuru b'Abafaransa Barekuwe


Abamenyeshamakuru Phil Moore Edward na Jean Philippe Rémy b’ikinyamakuru le Monde
Abamenyeshamakuru Phil Moore Edward na Jean Philippe Rémy b’ikinyamakuru le Monde

Inyuma y’amasaha arenga 24 bafunzwe, abamenyeshamakuru babiri b’ikinyamakuru "le Monde" barekuwe n’ubutungane bw’Uburundi. Ariko ama terefone yabo n’ibikoresho vyabo vy’akazi ntavyo basubijwe.

Abo bamenyeshamakuru kandi batswe n’uburenganzira bwo gukorera umwuga wabo ku butaka bw’u Burundi.

Ukwari babiri bafatiwe muri zone ya Nyakabiga hagati mu gisagara ca Bujumbura. Umwe yitwa Phil Moore Edward akaba afise ubwenegihugu bw’igihugu c’Ubwongereza.

Uwa kabiri yitwa Jean Philippe Rémy akaba ari umwanditsi w’Umufaransa akorera ico kinyamakuru "le Monde" akaba mbere yubakanye n’umurundikazi.

Igipolisi kimenyesha ko cabafashe mu gihe cari kigiye guhiga abantu cita inkozi zikibi bariko bagirira inama muri karitiye ya gatatu ya zone Nyakabiga.

Icegera c’umuvugizi w ‘igipolisi Moise Nkurunziza yemeza ko bane muribo bafatiwe hamwe n’uwo mumenyeshamakuru w’Umwongereza bari bafise inkoho zibiri zo mu bwoko bwa pistolet.

Umumenyeshamakuru Moore yamiriye kure ivyo yagirizwa yemeza ko yafashwe mu gihe yariko afata amasanamu mw’ibarabara.

Abo bamenyeshamakuru ukwari babiri baraye mu cumba kimwe mw’iperereza ariko biyemereye ko atawigeze abarya n’urwara.

Mu gipolisi bemeza ko icatumye umumenyeshamakuru Jean Philippe Rémy afatwa kidasa n’icamugenzi we w’Umwongereza.

Abo bamenyeshamakuru b’i Bulayi bajanywe imbere y’umushikirizamanza arabumviriza.

Inyuma y’amasaha hafi ane, ubutungane bwafashe ingingo yo kubarekura ariko ibikoresho vyabo vyagumye mu minwe y’ubutungane co kimwe n’ibibaranga vy’akazi carte de presse mu gifaransa n’amatelefone yabo.

Ayo matelepfone yabo bari basabwe kuyugurura ariko abo bamenyeshamakuru banse gutanga urufunguruzo rwo kwinjira mu ma telefone yabo mot de passe.

Basohotse yaba abo bamenyeshamakuru canke uwuserukira u Bufaransa mu Burundi nta kajambo bashimye guha abamenyeshamakuru bari bahari.

Umukuru w’urwego rw’igihugu rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC Ricahard Giramahoro yabwiye Ijwi ry’Amerika ko yatse abo bamenyeshamakuru uburenganzira bwo gukorera ku butaka bw’u Burundi umwuga wo kumenyesha amakuru.

Aba bamenyeshamakuru babiri bakwije igitigiri c’abamenyeshamakuru batatu bamaze kwakwa uburenganzira bw’ugukorera mu Burundi kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze.

Uwundi yari umufaransa akorera Television y’Abafaransa France 24 yabwatswe yagirizwa guha impigi abagira imyiyerekano leta yise imigumuko.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu Laurent Fabius yari yasavye ko abo bamenyeshamakuru barekurwa ata kirinze gusabwa co kimwe n’uburongozi bw’ikinyamakuru le Monde bose bavuga ko abo bamenyeshamakuru bakoze akazi kabo kandi ko bari binjiye ku butaka bw’u Burundi batinyegeje bafise ivyangombwa vyose.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:23 0:00

XS
SM
MD
LG