Uko wahagera

Abitavye Ibiganiro Barasaba ko Ibwirizwa Nshingiro Rihinduka


Inyuma yaho utunganirije ibiganiro mu ntara zitanu, Umugwi w'Igihugu ujejwe ibiganiro hagati y'Abarundi CNDI umenyesha ko icabarundi basaba ahanini aruko ibwirizwa nshingiro ry'u Burundi ryosubirwamwo rikandikwa ku buryo ridatera impari uwurisomye wese na cane ku bijyanye n'ibiringo vya perezida.

Ivyo biganiro vyatunganijwe hagati y’amagenekerezo ya 18 na 22, imigwi yabitumiwemwo iratandukanye.

Harimwo abanyepolitike, abaserukira amadini n’amashengero, amashirahamwe yigenga, abaserukira abajejwe intwaro, imigwi y’abantu bakumiriwe nk’abanyamwema, abagendana ubumuga, abatwa amahuriro y’urwaruka n’abakenyezi, abasirikare n’abapolisi, abahoze ku rugamba hamwe n’abakukuruke bo mu bisata bitandukanye.

Iyo migwi yose yabazwa kwishura ku kibazo kimwe rundende: Umuti wotorwa kugira ngo demokarasi ibe iyirama mu Burundi.

Musenyeri Justin Nzoyisaba arongoye umugwi CNDI amenyesha kw’icatumye habazwa ico kibazo aruko kuva mu mwaka w’i 1961 iyo habaye amatora yama akurikirwa n’ingorane mu Burundi.

Nzoyisaba yagize ati “Baravuze ko hosubirwamwo hagahinyanyurwa ibwirizwa nshingiro n’amasezerano ya Arusha. Haravuzwe n’uko abakoze amabi n’ivyaha kuva muri 1961 bohanwa hagashirwaho n’amategeko ahasha intwaro z’agacinyizo bimwe bita ‘ Coup d’Etat mu gifaransa’ , baranavuze rero ko biyamirije umuzo wa za nteko za Maprobu”

Nzoyisaba avuga ko muvyashikirjwe hari icashimikiwe kurusha ibindi.

"Abarundi uko biboneka benshi basaba bati, ni musubiremwo muhinyanyure ibwirizwa nshingiro ariryo ryatumye ingorane bamwe bitwaza ngo mandat ya gatatu, n’ukubera ko ryari ryanditse nabi bamwe barisoma gutya abandi bakarisoma gutya. Rero bakwiye kuryandika neza ku buryo bose baritahura bitarinze kuzana umuntu arinda gusobanura.”

Aya masezerano ya Arusha n’ibwirizwa nshingiro abatavuga rumwe na leta bemeza ko vyahonyanzwe aho Perezida Pierre Nkurunziza yitoza ku ncuro ya gatatu.

Abenshi muribo barahunze igihugu bagasaba ko hoba ibiganiro bibahuza na leta y’u Burundi mu ntumbero y’ugutorera umuti indyane ziri mu gihugu kuva mu kwezi kwa kane umwaka uheze.

Nahumugwi w’igihugu ujejwe ibiganiro urondera umuti biciye mu biganiro kandi ata murundi n’umwe akumiriwe, abo bahunze igihugu ntibari mu bihutirwa muriyi misi ya vuba.

Nzoyisaba yagize ati "Barya banyepolitike bahunze igihugu ikibazo cabo si twebwe tuzocishura kuko barituye umuhuza. Mu nyuma bazoheza baze mu mugwi wacu."

Gushikubu, amakungu abonumuti mu biganiro bibereye hanze y’igihugu.

Intumwa za ONU ziherutse mu Burundi zabisubiririyemwo Perezida Nkurunziza.

Samantha Power aserukira Amerika muri ONU avuga ko ibintu bishobora gusubira mu buryo hakoreshejwe ibiganiro.

"Leta itegerezwa kwemera ikaganira n’abo itavuga rumwe. Ariko nk’uko vyagenze aho hasinywa amasezerano ya Arusha; leta izotegerezwa kuganira n’abantu idakunda.”

XS
SM
MD
LG