Uko wahagera

CPI: Laurent Gbagbo mu Rukiko Mpuzamahanga


Perezida Laurent Gbagbo yahoze ar’umukuru w’igihugu ca Kote Divuware azotangura gucirirwa urubanza na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI) y’I Lahaye mu Buholande kuva kw’italiki 28 z’ukwezi kwa mbere.

Gbagbo yagirizwa ivyaha vyo guhohotera ikiremwa muntu hisunzwe ubwicanyi bwakozwe mugihe c’inyuma y’amatora yabaye mur’ico gihugu hagati y’imyaka 2010 na 2011.

Umwe mu bategetsi b’umugambwe FPI Gbagbo aturukamwo Aboubacar Koné amenyesha ko kumufungira muri sentare mpuzamakungu ni nko kumunyuruza.

Abandanya avuga ko abanyafurika benshi babona ko iyo sentare yashizweho nk’ubundi buryo bwo gusubiza Afurika mu bukoloni.

XS
SM
MD
LG