Uko wahagera

Imyaka itatau irarangiye kur’uyu wa gatatu, itariki ya 27, ukwezi kwa mbere, isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera.

Abandaza batari bake, ubu barifumbereje kuko imitahe yabo yose n’ibidandazwa, vyahiye. Abandi bagerageje kwiyungunganya vyarabagoye kuronka amafaranga bariha bene’amazu bakoreramwo.

Mu mibereho y’ubuzima bwa misi yose, abo bahoze bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura, barahinduye ibitari bike, nk’amashure y’abana bigako, imfungurwa barya hamwe n’amazu babamwo.

Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Eloge Willy Kaneza ni we yakoze iyi nkuru.

XS
SM
MD
LG