Uko wahagera

Somaliya na Koreya ya Ruguru Biri kw'Isonga muri Ruswa


Raporo nshasha y’ishirahamwe rikwirikirana ruswa kw’isi, Transparency International, rimenyesha kw’ibihugu vya Somalia, Korea ya ruguru na Afghanistani arivyo bihugu vyasinzikajwe na ruswa kursha ibindi bihugu vyo kw’isi.

Ishirahamwe, Transparency ryasohoye raporo yaryo kuri rugero rwa ruswa kw’isi uno musi ku wa gatatu.

Nta gihugu na kimwe caronse amanita ijana kw’ijana, yamara Danemark, Finlande n’Ubusweda nivyo bifise urugero rutoyi cane rwa ruswa kurusha ibindi bihugu. Danemark ifise amanita mirongo icenda na rimwe, mu gihe Finlande n’Ubusweda vyompi bifise amanita mirongo icenda.

Jose Ugaz, ayoboye ishirahamwe Transparency International, ryatangaje kw’iyo raporo yerekana ko ruswa ikiri ikibazo gikomeye cane kw’isi.

Mu karere ka Afurika yo mu buseruko, u Rwanda rufise amanita 54, rukaba ruza mu kibanza ca mirongo ine na kane kw’isi, Tanmzania ifise amanuta 30, ikaba iri mu kibanza c’ijana na cumi n’indwi, Kenya na Uganda bifise amanuta 25, bikaba iri mu kibanza c’ijana na mirongo itatu n’icenda mu gihe Uburundi bufise amanuta 21, bukaza mu kibanza c’ijana na mirongo itanu.

Mu karere kose ko muri Afurika yo musi y’ubugararwa bwa Sahara, igihugu ca Botswana nico gifise urugero rwa ruswa ruri hasi cane kurusha ibindi bihugu n’amanuta mirongo itandatu n’atatu.

XS
SM
MD
LG