Uko wahagera

Uburusiya Ntibwasavye Assad Kuva ku Butegetsi

  • VOA Africa

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w'Uburusiya, Sergei Lavrov

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yashitse uno musi ku wa kabiri i Beijing, aho ahagaze ubwa nyuma mu rugendo arimwo mu karere ka Asia.

Imbere y’urugendo rwiwe mu gihugu c’Ubushinwa, John Kerry yaragendeye kandi ibihugu vya Laos na Cambodge, ibihugu bibiri aho Ubushinwa bufise igihagararo gikomeye cane.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zirondera gukomeza imigenderanire n’ivyo bihugu bibiri.

Abitegereza ibintu bavuga ko urugendo rwa John Kerry riruko rutegura inama y’abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Asia Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizokwakira mu kwezi kuza mu gisagara ca Sunnylands mu ntara ya Californiya.

John Kerry ariko agerageza kandi kurondera ukwumvikana ku buryo bw’ukwishura ku ngingo ziherutse gufatwa n’Ubushinwa mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa.

XS
SM
MD
LG