Uko wahagera

Amerika Ishaka Kwagura Imigenderanire na Laos na Cambodge


Umushikiranganji ajejwe imigenderqanire wa merika, John Kerry na mugenziwe w'Ubushsinwa, Wang Yi
Umushikiranganji ajejwe imigenderqanire wa merika, John Kerry na mugenziwe w'Ubushsinwa, Wang Yi

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, John Kerry, yashitse uno musi ku wa kabiri i Beijing, aho ahagaze ubwa nyuma mu rugendo arimwo mu karere ka Aziya.

Imbere y’urugendo rwiwe mu gihugu c’Ubushinwa, John Kerry yaragendeye kandi ibihugu vya Laos na Cambodge, ibihugu bibiri aho Ubushinwa bufise igihagararo gikomeye cane.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika ziriko zirondera gukomeza imigenderanire n’ivyo bihugu bibiri.

Abitegereza ibintu bavuga ko urugendo rwa John Kerry riruko rutegura inama y’abategetsi b’ibihugu vyo mu karere ko mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya Reta Zunze Ubumwe za Amerika zizokwakira mu kwezi kuza mu gisagara ca Sunnylands mu ntara ya Californiya.

John Kerry ariko agerageza kandi kurondera ukwumvikana ku buryo bw’ukwishura ku ngingo ziherutse gufatwa n’Ubushinwa mu gice c’ibahari kiri mu bumanuko bw’Ubushinwa.

XS
SM
MD
LG