Uko wahagera

Vatikano: Uruhara rwa Irani mu Buseruko bwo Hagati


Papa Faransisiko yasavye igihugu ca Irani gukoresha igihagararo ciwe gikomeye kugira afashe kugarukana amahoro mu karere ko mu buseruko bwo hagati.

Papa Faransisiko yateye ako kamo mu nama yo mu mwiherero yamaze iminota mirongo ine na Perezida wa Irani, Hassan Rouhani i Vatikano uno musi ku wa kabiri.

Itangazo ry’i Vatikano inyuma y’iyo nama ryerekanye uruhara igihugu ca Irani gisabwa kugira mu mugambi w’ugutorera inyishu iciye mu biganiro ibibazo biri mu karere k’ubuseruko bwo hagati, cane cane iterabwoba n’ubucuruzi bw’ibirwanisho.

Kuva ashikiye amabanga yiwe haheze hafi y’imyaka itatu, Papa Faransisiko yashimikiye ku biganiro nk’uburyo bwiza bw’ugutorera inyishu amatati.

Urugendo rwa Perezida wa Irani i Vatikano mu gihugu c’Ubutaliyano ni urwa mbere rw’umukuru w'ico gihugu agiriye mu karere k’i Bulaya mu kiringo kiri hafi y’imyaka mirongo ibiri.

XS
SM
MD
LG