Uko wahagera

Kanada: Igitero Cahitanye Batanu kw'Ishure


Minisitiri w'intebe wa Canada Justin Trudeau

Minisitiri w'intebe wa Canada Justin Trudeau

Minisitiri wa mbere wa Justin Trudeau amenyesha ko abantu batanu bishwe abandi bashika babiri barakomereka mu masasu yarashwe mw’ishure ryisumbuye mur’ico gihugu.

Ayo masasu yabaye ejo kuwa gatanu kw’ishure ry’ahitwa La Loche riri mu biyaya vyo mu ntara ya Saskatchewan Minisitiri Trudeau yamenyeshereje ejo ari I Davos mu bu suwisi ko uwakoze ico gitero yafashwe.

Ico gisagara cabayemwo ubwo bwicanyi kibamwo abanyagihugu bashika ibihumbi bitatu.

Igipolisi co mur’ako gace ntikiratanga amakuru y’ingene vyagenze ido n’ido. Kuvaho ivyo bibereye iryo shure ryaciye riba rirugarwa, rikazosubira kwugururwa igipolisi kitanze uburenganzira.

XS
SM
MD
LG