Uko wahagera

Bujumbura: Intumwa za ONU na Visi-Perezida Sindimwo


Intumwa za ONU mu Burundi
Intumwa za ONU mu Burundi

Intumwa z;akanama ka ONU gashinzwe umutekano zimaze kubonana na Visi-Perezida wa mbere w’u Burundi Gaston Sindimwo I Bujumbura. Muri ibyo biganiro byabereye aho atuye, Visi-Perezida yamenyesheje izo ntumwa ko u Burundi bwiteguye kugirana ibiganiro b'abo batavuga rumwe. Yasobanuye kandi ko reta y'u Burundi yifuza gukorana na ONU mu kugarukana umutekano n'ituze mu gihugu.

Perezindansi y'u Burundi yamenyesheje ko intumwa za ONU zibonana na Perezida Petero Nkurunziza mu ntara ya Gitega. Intumwa za ONU kandi zabonanye n'abahagarariye imiryango itagengwa na reta mu Burundi.

Ejo ku munsi wa kane, Perezida Domisiyano Ndayizeye na Perezida Yohani Batisita Bagaza bahoze barongoye u Burundi babonanye n’izo ntumwa. Bazisavye kuremera reta y’Uburundi ngo yemere ko inteko z’ubumwe bwa Afurika zorungikwa gucungera umutekano.

Ambasaderi w'Amerika muri ONU Samantha Power, umwe mu barongoye izo ntumwa, yatangaje kuri Tweeter ko yabonanye kandi na bamwe mu bategetsi bagize uruhara mu masezerano ya Arusha yatanze inzira y’amahoro mu Burundi. Samantha Power yavuze ko yababajwe n'ukuntu ayo masezerano atubahirizwa.

Intumwa z’inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano zashitse I Bujumbura ejo kuwa kane murugendo rugira kabiri bagize mu Burundi atamwaka urahera. Urwo rugendo rufise intumbero yo guhagarika ubwicanyi bumaze guhitana abantu bashika 439 kuva mu kwezi wa kane k’umwaka uheze.

XS
SM
MD
LG