Uko wahagera

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, John Kerry avuga ko ibiganiro mpuzamakungu kuri kazoza ka politike k’igihugu ca Siriya bitazotebeshwa.

Ivyo John Kerry yabishikirije ku ruhande rw’ikoraniro ryerekeye ubutunzi kw’isi mu gisagara ca Davos mu gihugu c’Ubuswise. Ni inyuma yuko abonanye uno musi ku wa kane n’intumwa y’ishirahamwe ONU ku vyerekeye igihugu ca Siriya, Staffan de Mistura.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryashizeho italiki 25 z’ukwezi kwa mbere italiki y’ugutangura ibiganiro ku kiringo nfatakibanza hagati ya Reta ya Siriya n’abatavuga rumwe nayo. Yamara, ukutumvikana kubandanya ku vyerekeye abatavuga rumwe na Reta bagira uruhara mu biganiro vyatumye iyo taliki idashobora kwubahirizwa.

Umushikiranganji John Kerry avuga ko ivyo biganiro bishobora kwigizwayo umusi umwe canke ibiri mu gihe abazoibijamwo bazoba bariko baratumirwa.

XS
SM
MD
LG