Uko wahagera

Parisi: Abayobozi b'Isi Biyemeje Guhashya ISIS


Ba minisitiri Jean-Yves Le Drian (iburyo) Ash Carter (ibumoso) mu nama bakoranye i Parisi mu Bufransa tariki ya 20/01/2016

Ba minisitiri Jean-Yves Le Drian (iburyo) Ash Carter (ibumoso) mu nama bakoranye i Parisi mu Bufransa tariki ya 20/01/2016

Ba minisitiri bajejwe kwivuna abansi ba Reta zunzubumwe za Amerika hamwe n’bihugu bitandatu vyagiye hamwe kurwanya umwansi baremerenije ejo kuwa gatatu kwongera kugaba ibitero ku muhari wa Etat Islamique.

Abo baminisitiri bemeranije ko bagiye kurushiriza uko bahora bakora mu kugaba ibindi bitero kubisagara biri mu minwe ya Etat Islamique.
Minisitiri w’Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi Jean-Yves Le Drian aremeza ko iki arico gihe co kwongereza bitero kugira basambure umuhari wa Etat.

Abasirikare ba Iraki bafashijwe n’igisirikare ca Amerika baragavye ibitero vy’indege vyatumye bigarurira igisagara ca Ramadi mu kwezi guheze. Ibindi bitero vyasambuye amakamyo atwara ibitoro vyahora vyinjiriza amafaranga atari make umuhari wa Etat Islamike.

Sekereteri wa Reta zunzubumwe ajejwe kwivuna abansi Ash Carter amenyesha ko abaminisitiri bashika 26 bagiye kuzohurira I Buruseli mu Bubirigi mu ntango z’ukwezi kuza kugira bavugane umukenyuro bokoresha kugira batuze umuhari wa Etat Islamique ubutagaruka

XS
SM
MD
LG