Uko wahagera

Burundi: Intumwa za ONU Zaba ari Kamara?

  • VOA Africa

Ambasaderi Samantha Power w'Amerika muri ONU

Ambasaderi Samantha Power w'Amerika muri ONU

Abaserukira ibihugu vyabo mu nama mpuzamakungu ONU, ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi, bari mu nzira bagana Uburundi, aho bashiriye ubutumwa Reta y’Uburundi n’abatavuga rumwe nayo kugira babahimirize gutangura ibiganiro nyakuri, ibintu bitayanzara kurushiriza mu Burundi.

Ambasaderi wa Reta zunze ubumwe za Amerika mw’ishirahamwe ONU amenyesha kw’ibintu bidatererezwa kubandanya nk’uko umenga n’ibisanzwe, aho abantu bavyuka mu gitondo, bakabona ibiziga mu mabarabara mu gihe bagiye ku kazi. Avuga kw’ivyo arivyo bitanguye kwibonekeza mu Burundi. Avuga kandi ko bazogerageza uko bashoboye gushigikira igikorwa cihutishijwe c’uguhuza aberwa n’ikibazo c’Uburundi, cari kuba cabaye mu kiringo c’amezi atari make, arangiye.

Ambasaderi Power avuga kw'igitigiri c’abahagarariye ishirahamwe ONU mu Burundi, cagiye kiragabanuka kandi ibibazo vyagiye biriyongera. Ati uko siko vyategerezwakugenda.

Ambasaderi Power avuga kw’urwego rw’ishirahamwe ONU rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi ruzosaba Reta y’Uburundi gukora mu buryo bwubaka ku mugambi washikirijwe ku vyerekeye irungikwa ry’inteko z’umuryango w’ubumwe bwa Afrika.

Ambasaderi Power amenyesha kw’abategetsi batari bake b’ibihugu vya Afurika bagize ico bavuze kuva Reta y’Uburundi yanse izo nteko. Avuga kw’ ico Reta zunze ubumwe za Amerika n’ibihugu vyose bigize urwego rwa ONU rujejwe kwubahiriza umutekano kw’isi, bazogerageza gukora, ar'ugusaba Perezida Nkurunziza kwiyumvira ivyerekeye umutekano w’igihugu.

Ah’ukwanka iciyumviro umuryango w’ubumwe bwa Afrika washikirije, ngo yokwiyumvira uburyo bukwiriye ku vyerekeye izo nteko, ukugene inteko nk’izo zokorera umutekano, ah’ukubona kw’izo nteko zogeramira ubwigenge bw’igihugu.

Intumwa y'Amerika muri ONU avuga kw’ubutumwa bwabo ari ukubaza Perezida Nkurunziza igihe azotangura kwemera akamo gaterwa n’amakungu mu gihe ibintu bitera biyanzara mu vyerekeye ubutunzi n’ubwicanyi mu gihugu.

Ngo ni ryari azokwumviriza ivyo abantu bafise ku mutima ineza y’Abarundi bamubwira.

Ambasaderi Power avuga ko bazosaba prezida Nkurunziza kwemera igikorwa c’umuhuza, iyongerezwa ry’abaserukira ishirahamwe O-N-U n’inteko mpuzamakungu.

XS
SM
MD
LG