Uko wahagera

Burundi: Ibiziga Vyatowe Muri Mutimbuzi


Ibiziga vy’abagabo bibiri vyatowe mu gitondo co kur’uno wa kabiri mu kivoga turi muri zone Rubirizi ya komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura. Imiryango y’abo bahisi imenyesha ko babaheruka ku musi w’Imana uheze.

Ivyo biziga bibiri vyatowe mu gitongo co kur’uno wa kabiri mu kivoga ca Mutimbuzi, n’ivy’abagabo Damiyano Bigirimana yahora aba muri qurtier Jabe ya zone Bwiza na Emmanuel Ndayishimiye yahora aba muri zone ya Buyenzi mu gisagara ca Bujumbura.

Umuphasoni w’umwe mu bahisi atashimye kuduha amajwi ku mvo z’umutekano wiwe, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko umugabo wiwe yamuheruka ku muhingamo wo ku musi w’imana uheze.

Uwo mukenyezi avuga ko aheruka umugabo wiwe ahamagawe kw’iterefone n’umuntu yashaka kugura iparasera y’umuryango iri muri quartier Gisyo ya komine Muha. Ijisho ryabaye iryo kuko yamuterefonye bugorovye ku ma terefone y’iwe ntiyitaba.

Mu gitondo c’uno wa kabiri niho hari ababaterefonye bababwira ko hari ibiziga bibiri biri mi bigazi vyo mu kivoga ca komine Mutumbuzi. Bashitseho niko gusanga ari abo bagabo babiri baheruka ku musi w’Imana uheze.

Ubwucanyi bw’abo bagabo babiri bahora bikorera utwabo nk’uko abo mu miryango y’abo babivuga, ni bumwe mu bundi bwicanyi bugize imisi bubera mu gihugu. Bashikiriza ko ababo ata vya politike barimwo. Bakibaza ico ababagandaguye babahoye.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi Pierre Nkurikiye avuga ko amatohoza azoroha kur’ubu bwicanyi bw’aba bagabo babiri kuko hari ababahamagaye kuri telefoni.

Tubibutse ko mur’ako gace ka zone Rubirizi muri komine Mutimbuzi hatowe ibiziga bishika kw’icumi mu mwaka uheze wa 2015

XS
SM
MD
LG