Uko wahagera

Donald Trump Yahabwa Visa y'Ubwongereza


Abashingamateka b’Ubwongereza ejo kumusi wa mbere barakoranye kugira bige kurwandiko rwateweko umukono n’Abongereza bashika 5000.

Urwo rwandiko rusaba ko Donald Trump ariko yiyamamaza gutwara Amerika kuruhande rw’umugambwe w’aba Repubulika yobuzwa kwinjira mu Bwongereza.

Ivyo bibaye inyuma yaho mu kwezi guheze uwo mugwizatunga yikorera utwiwe Donald Trump ashikirije ko abayisilamu bobuzwa kwinjira muri Amerika gushika ivyabo bibanje kwihwezwa neza.

Yashikirije ivyo inyuma yaho abayisilamu babiri biciye abantu cumi na bane muri reta ya Californiya, muri Amerika.

Muri kahise abantu barabuzwa kwinjira mu Bwongereza mugihe vyagaragara ko bafise ivyiyumviro vyo kubiba urwanko bituma abantu basubiranamwo.

XS
SM
MD
LG