Uko wahagera

Burundi: Abamenyeshamakuru Basabwa Amakuru Atohoje


Muriyo nama, umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru yibukije abaserukira ibinyamakuru n’abarongozi bavyo ko imbere y’ukuba umumenyeshamakuru ari Abarundi.

Yababwiye ko ataco bimaze gutanga amakuru atyoza igihugu umuntu avukamwo kandi ko kw’isi yose no mu bihugu vya rutura abamenyeshamakuru badapfa amakuru batanze ku gihugu cabo na cane cane baravye ingaruka ashobora kuzana.

Naho ubushikirnaganji busanganywe umuco w’uguhura n’abarongoye ibimenyeshamakuru, hari iyindi mpamvu yatumye umushikiranganji Nestor Bankumukunzi abakoranya.

Kugirango Uburundi bwogorore, umushikiranganji Bankumukunzi avuga ko uruhara rw’abamenyeshamakuru atari urwo gufata minenerwe. Ni naco gituma hari inkebuzo yatanze. Umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru ariko yasiguye ko kitazira kuvuga ukuri mu gihe umuntu yagutohoje neza.

Iyi nama ibaye iya mbere umushikiranganji Bankumukunzi agize kuva agiye mu mabanga mu kwezi k’umunani umawaka uheze. Yemeranije n’abamenyeshamakuru ko azohora atunganya inama kenshi mu nzira y’ukwirinda amakosa n’ugutahurana kurusha.

Bamwe mu bari muri iyo nama basavye ko hoshirwaho inyifato igenga abamenyeshamakuru na cane cane ku bijanye n’ibiganiro n’amakuru akorwa ku vyerekeye ukumenya ukuri n’ukunywanisha Abarundi. Ibyo byatuma birinda gutanga inkuru zozanira intambamyi uwo mugambi kuko ari umugambi ukomeye uzotuma igihugu cogorora.

Iyo ngingo yakiriwe neza n’abamenyeshamakuru n’uwurongoye urwego rucungera ingene ibinyamakuru bikora CNC bose baca bumvikana ko bazosubira guhura kugira bashireho agatabu karimwo iyo nyifato.

Umunyamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza uri i Bujumbura ni we wakurikirnaye iyi nkuru.

please wait

No media source currently available

0:00 0:03:41 0:00

XS
SM
MD
LG