Uko wahagera

Papa Faransisiko mu Rusengero rw'Abayahudi


Papa Fransisiko yaragiye gusengera musinagogi y’Abayahudi iri mu gisagara c’I Roma mu Butaliyano ejo ku musi w’Imana. Bubaye ubwa mbere uwo mwungere wa Ekeleziya Katolika aja mu rusengero rw'Abayahudi.

Yararonse akaryo ko kwiyamiriza ubwicanyi bwose bukorwa bwitiriwa idini.
Mur’iyo nkuka y’imisa, Papa francisiko yarifatanije n’abayahudi bar’aho bacitse kw’icumu mw’ihonyabwoko bakorewe n’aba Nazi.

Papa Fransisiko akoze ivyo abamutanguriye bakoz. Abo ni Papa Yohani Pahulo na Benedigito, nabo bagendeye iyo sinagogi. Ico gikorwa ni kimwe mu twigoro Ekeleziya iriko irakora kugira ikomeze ubucuti hagati y’abayahudi n’aba Katolika.

Izo ngendo zatanguye mu mwaka w’1965 igihe reta ya Vatikano itangarije kumugaragaro ko abayahudi ataribo bishe Yesu Kristo. Izo ngendo ziswe ibiganiro bikomeye hagati y’ukwizera gutandukanye, nivyo vyatumye reta ya vatikano na Reta ya Isirayeli basubira kunagura imigenderanire mu mwaka w’1993.

XS
SM
MD
LG