Uko wahagera

Al-Shabab Yishe Abasirikari ba Kenya


Komiseri mukuru wa polisi ya Kenya

Komiseri mukuru wa polisi ya Kenya

Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab ukorera muri Somaliya umenyesha ko wafashe bamwe mu basirikare ba Kenya bari mu mugwi wa AMISOM mugitero co mu ndwi iheze. Ico gitero cabaye ku nkambi y’abasirikare b’ubumwe bwa Afrika bagiye gucungera umutekano mu bumanuko bushira uburengero bwa Somaliya.

Ejo ku musi wa mungu, abasirikare bane ba Kenya bakomeretse mur’ico gitero baratwawe muri kenya kuvurwa ariko abategetsi ba Kenya ntibatangaza igitigiri c’abasirikare baco bahasize ubuzima.

Perezida Uhuru Kenyatta wa Kenya yamenyesheje kumusi wa gatanu ko abasirikare bamwe basize ubuzima mur’ico gitero c’abihevyi cakozwe hakoreshejwe imiduga itezwemwo ibibombe n’amasasu.

Umushikiranganji wa Kenya wo kwivuna abansi Raychelle Omamo amenyesha ko bari mu bikorwa vyo kurondera, no gutabara mukarere ico gitero cabereyemwo.

XS
SM
MD
LG