Uko wahagera

Burundi: Ibiganiro Vyabaye Ingorabahizi


Deo Hakizimana
Deo Hakizimana

Ibiganiro bihuza abarundi vyuguruwe icese kw’igekenekerezo rya 28 ry’ukwezi kwa cumi na kabiri, aariko gushika ubu, ntibiratangura.

Abarundi bose hamwe n’incuti z’Uburundi, bari banezerewe kw’indyane za politike mu Burundi zigiye kurangira.

Yamara aho amajambo yo kwugurura icese ivyo bignairo arangiriye, haciye hibonekeza ukuntumvikana ku vyerekeye cane cane abari batumiwe hamwe n’irindi sango ryo kubandaniriza ivyo biganiro mu gisagara ca Arusha muri Tanzania:

Reta Y’Uburundi yaciye itangaza ko mu bari batumiwe mur’ivyo birori vyo kwugurura iyo nama, harimwo abantu yagiriza ko bagize uruhara muri coup d’Etat yateshejwe kw’igenekerezo rya 13 ry’ukwezi kwa gatanu.

Reta y’Uburundi yaciye kandi itangaza kw’isango ryo kw’igenekerezo rya 6 ry’ukwezi kwa mbere, ritumvikanyweko.

Ivyo biganiro vyari kubandaniriza I Arusha kur’iyo tariki, ntivyabaye, eka n’irindi sango ryanugwanugwa ryo kw’igenekerezo rya 15 ry’uku kwezi kwa mbere, ntirubahirijwe,

Mur’iki gihe kandi abarundi barabandanya gukora bivuye inyuma mu guterera ivyiyumviro vy’ukuntu ibiganiro vyoba maze mu Burundi hagasasagara amahoro.

Ni mur’urwo rwego kw’abarundi nka Deo Hakizimana arongoye ishirahmwe CIRID, yabonanye n’abategetsi bo muri reta y’Uburundi, abaserukira abatavuga rumwe na reta, abategetsi baserukira amashirahamwe hamwe n’ibihugu vyabo, barimwo Ibrahim Fall w’ishirahamwe rya Afrika, hamwe na ambassaderi aserukira ishirahamwe ry’ibulaya, Patrick Stirlet.

Ni mur’uyo mugambi wo kurondera amahoro arama kw’umukuru w’Umugambwe w’abakozi na Demokrasi Paul Nkunzimana yakoresheje amakoraniro, maze abanywanyi biwe bagapfundika ingingo zotuma amahoro arama asubira gusasagara m Burundi.

Vyongeye abatavuga rumwe na reta y’Uburundi, cane cane abahurikiye mu runani CNARED, ruharanira demokrasi, intwaro nziza hamwe n’amasezerano y’I Arusha, rurafise intumbero ku vyerekeye ukuntu ibiganiro vyongenda, ku gira ngo amahoro arama asasagare mu Burundi.

Mur’iki gihe kandi amakungu yose arabandanya gutera kamo gasaba kw’ibiganiro bihuza abarundi bitangura mu maguru masha.

Intumwa ya reta zunze ubumwe za amerika, mu ntara ya Afrika y’Ibiyaga binini, Thomas Perriello ari mu rugendo ruzomushikana mu mur’iyo ntara, aho bitegekanijwe kw’azobana n’abatetsi bo ku mpande zose.

Twatumiye abashingantahe batatu bafise uruhara mu gikorwa co kurondera amahoro mu Burundi, bakaba banamaze gushikiriza ibintu bibaza ko vyokorwa kugira ngo amahoro agaruke mu Burundi:

Turi kumwe na Deo Hkizimana arongoye ishirahamwe CIRID, rishira imbere ibiganiro, Chauvineau Mugwengezo, umuvugizi wa CNARED, inama y’igihugu iharanira amasezerano y’I Arusha hamwe n’intwaro ibereye hamwe na Professeur Paul Nkunzimana, arongoye umugambwe a’abakozi.

Mushobora kwumviriza ikiganiro.

please wait

No media source currently available

0:00 0:52:49 0:00

XS
SM
MD
LG