Uko wahagera

Sierra Leone: Uwundi Muntu Yahitanwe na Ebola


Umutegetsi mu gihugu ca Sierra Leone, amenyesha kw’ikiziga c’umuntu capimwe bagisangamwo umugera wa Ebola, umusi umwe gusa inyuma yuko ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS, ritangaje ko ukwiyadukiza kwa Ebola kwarangiye mu karere ko muri Afrika yo mu burengero.

Ishirahamwe OMS, ryamenyesheje mw’itangazo uno musi ku wa gatanu ko ryemeza ivyerekeye uwo muntu yahitanywe na Ebola mu gihugu ca Sierra Leone. Ikiziga c’uwo muntu w’igitsinagore casuzumwe inyuma yuko arwaye yitaba Imana mu ntango z’uku kwezi.

Ishirahamwe, OMS, rivuga ko ivyo vyerekana ko gukwirikiranira hafi n’ukwishura ku vyerekeye gusubira kwiyadukiza kwa Ebola bikenewe cane mu mezi ari imbere.

Ejo ku musi wa kane, Ishirahamwe OMS, ryatangaje kw’ukwiyadukiza kw’umugera wa Ebola kwarangiye mu gihugu ca Liberiya.

XS
SM
MD
LG