Uko wahagera

OMS: Ebola Yaracitse muri Afurika y'Uburengerazuba


Ishirahamwe rijejwe amagara y’abantu kw’isi, O-M-S ryatangaje irangira ry’ukwiyadukiza kw’umugera wa Ebola mu gihugu ca Liberiya. Ni ukuvuga kw’ibihugu bitatu vyo muri Afurika yo mu burengero vyasinzikajwe bikomeye na Ebola muri iki gihe iyo ndwara atayihari.

Ivyatangajwe n’ishirahamwe O-M-S, uno musi ku wa kane bibaye imisi 42 inyuma yuko ata bantu bashasha basanganywe Ebola muri Liberiya.

Yamara ishirahamwe O-M-S ryamenyesheje kw’uwo mugera ushobora gusubira kwiyadukiza, rikaba ryasavye kuba maso kugira Ebola ntisubire kwibonekeza.

Ishirahamwe O-M-S rimenyesha ko zizobandanya gufasha igihugu ca Liberiya mu twigoro twaco tw’ukwirinda, gusuzuma n’ukwishura ku bantu bashasha bashobora gusubira kwandura Ebola.

Ubu n’ubugira gatatu bivurwa ko ata Ebola irangwa muri Liberiya.

XS
SM
MD
LG