Uko wahagera

Irani Yarekuye Abasirikari b'Abanyamerika


Abasilikare cumi barwanira mu mazi ba Amerika bari bafashwe n’igihugu ca Irani bari mu bwato bararekuwe.

Reta zunze ubumwe za Amerika zirashimira igihugu ca Irani kubona carabarekuye. Abo banyamerika bari bafashwe na Irani ku musi wa kabiri mugihe ubwato barimwo bwari mu kigobe cya Perse bwerekeza muri Bahireni buvuye muri Kuweti.

Ubwo bwato bwafashwe inyuma yaho butakarije ubuhinga bwabo bwo guhanahana amakuru na bagenzi babo bari kubutaka vyatumye burwa mu minwe y’abanya Irani.

Umushikiranganji John Kerry amenyesha ko ico kibazo cakemuwe hakoreshejwe inzira ya kidipolomasiya. Naho Ash Carter ajejwe kwivuna abansi we yavuze ko ashimishijwe no kubona abo banyamerika barekuwe.

Abo bantu cumi bagizwe n’abagabo icenda n’umugore umwe ubu bari mu kigo c’abasirikari ca Reta ya Amerika kiri mu gihugu ca Katari. Ubwato bubiri barimwo nabwo nyene bwarasubijwe igisirikari ca Amerika.

XS
SM
MD
LG