Uko wahagera

Perezida Obama: Ubukungu bw'Amerika Buzaramba


Perezida Barack Obama ageza ijambo kuri Kongere tariki ya 12 y'ukwezi kwa mbere 2016 Jan. 12, 2016.
Perezida Barack Obama ageza ijambo kuri Kongere tariki ya 12 y'ukwezi kwa mbere 2016 Jan. 12, 2016.

Prezida Obama amenyesha ko Reta zunzubumwe za Amerika ar’igihugu gihagaze neza kw’isi kubijanye n’ubutunzi burama mur’iki gihe.

Mw'ijambo yagejeje kuri Kongre y'Amerika kuwa kabiri tariki ya 12 y'ukwa mbere mu 2016, Bwana Obama yavuze ko Reta zunzubumwe za Amerika ziri mu rugendo rurerure aho hariko hatangwa ubuzi mu bisata vy’abikorera utwabo. Abantu barenga imiliyoni 14 bararonkejwe ubuzi. Ubushomeri bwaragabanijwe incuro zibiri.

Mu bijanye n’umutekano, Perezida Obama yamenyesheje ko ikintu cambere gihambaye ar’ugukingira abanyagihugu no gutuza ibikorwa vy’iterabwoba.

Mugihe imihari y’iterabwoba ya al Qaida na Etat Islamike bakoresha ubuhinga bwa internet mu gutera ubwoba abantu, Politike mpuzamakungu ya reta zunzubumwe za Amerika ikwiye gushimikira ku bikorwa vyo gutuza iterabwoba.

Perezida Obama yavuze kandi ko kuba indongozi y’isi bisaba ko Amerika yerekana uburorero bwiza kandi bufise akamaro.

Amenyesha ko azobandanya umugambi wiwe wo kwugara ibohero ry’I Guantanamo riri muri Cuba. Ati bizotuma abansi ba Amerika bataronka urwitwazo rwo gushaka gutera Amerika.

Yemereye Abanyamerika kwo atazigera yemera politike icanishamwo abantu baravye ubwoko n’amadini. Ati isi izokwubaha Amerika kuko Amerika yubaha ukwizera kw’abanyagihugu bayo.

Iri jambo ryiwe rigira indwi kuva aho atanguriye amabanga yo kurongora Amerika kandi n’iryanyuma ashikirije imbere ya Kongere y'Amerika imbere yuko arangiza ikiringo ciwe canyuma co kurongora Amerika.

XS
SM
MD
LG