Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Abana Benshi Ntibiga

  • VOA Africa

Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata

Sudani yo mu bumanuko kw'ikarata

Ivyahotojwe bishasha vyerekana ibirenga igice c’abana mu gihugu casinzikajwe n’ingwano ca Sudani yo mu bumanuko muri iki gihe batari mu mashule, igitigiri kiri hejuru cane umuntu abigeraranije n’ibindi bihugu vyo kw’isi.

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu O-N-U ryitaho abana, UNICEF, ryatangaje uno musi ku wa kabiri kw’ibice mirongo itanu na kimwe kw’ijana vy’abana bari hagati y’imyaka itandatu n’imyaka cumi n’itanu muri Sudani yo mu bumanuko batariko bariga.

Sudani yo mu bumanuko yamaze ikiringo kirenga imyaka ibiri mu ngwano yahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi , abandi barenga imiliyoni zibiri barava mu vyabo.

Hafi y’ica kabiri c’abanyagihugu imiliyoni cumi n’umwe barakeneye infashanyo.

Ishirahamwe UNICEF ryihweje ibihugu mirongo ibiri na bibiri biri mu ngwano canke vyasinzikajwe n’ingwano. Rimenyesha muri rusangi ko hafi y’umwana umwe ku bane bane bageze kuja mu mashule muri ivyo bihugu batiga.

Ishirahamwe UNICEF rimenyesha kw’abo bana batari mu mashule baza bavuye mu ngo zabo, batakaje abagenzi n’imiryango yabo bashobora kutazogira ico batereye mu bihugu vyabo n’ubutunzi bw’ivyo bihugu niyo bakura.

Ibindi bihugu aho hafi y’ibice mirongo ine kw’ijana vy’abana batari mu mashule birimwo Niger, Sudan na Afghanistani.

XS
SM
MD
LG