Uko wahagera

Turukiya: Igitero Cyahitanye Abantu Icumi


Imirwi y'abajejwe gutabara bari ahabereye igitero ca bombe c'umwihevyi mu gisagara ca Istambul , mu gihugu ca Turukiya, kw'italiki 12 z'ukwezi kwa mbere, umwaka w'2016
Imirwi y'abajejwe gutabara bari ahabereye igitero ca bombe c'umwihevyi mu gisagara ca Istambul , mu gihugu ca Turukiya, kw'italiki 12 z'ukwezi kwa mbere, umwaka w'2016

Umwihevyi yari afise bombe mu gice ca Sultanahmet ku murwa mukuru w’igihugu ca Turkiya, Istanbul, yahitanye abantu cumi, abandi cumi na batanu barakomereka. Babiri muri bo bikomeye cane.

Icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Turkiya, Numan Kurtulmus muvyo yatangarije abamenyeshamakuru inyuma y’inama yihutirwa yerekeye umutekano, yamenyesheje ko uwo mwihevyi yamenyekanye kw’ari umunyasiriya yavutse mu mwaka w’1988. itohozwa ririmo gukorwa ryo kumenya impamvu yoba akorana n’umurwi wa Etat Islamique. Kurtulmus amenyesha ko benshi mu bantu bishwe bari abanyamahanga.

Prezida w’igihugu ca Turukiya, Recep Tayyip Erdogan yiyamirije igitero cabereye mu gice ca Sultanahmet mw’ijambo yashikirije kuri televiziyo.

Igice ca Sultanahmet n’igice kigenderwa cane n’ingenzi mu gisagara ca Istambul.

XS
SM
MD
LG