Uko wahagera

Yemeni: Bane Barasiwe ku Bitaro bya MSF


Muburaruko bwa Yemen, abantu bane baraye bishwe na missile yatewe ejo ku musi wa mungu ku nyubakwa y’ivuriro rikoreramwo abaganga b’ishirahamwe mpuzamakungu "Medecins sans Frontieres", MSF.

MSF yasohoye itangazo rivuga kw’iyo misile yasambukiye kubitaro vyitwa Shiara mu karere ka Razeh mu ntara ya Saada.
MSF itangaza kandi ko hakomeretse abantu 10 murico gitero, harimwo n’abakozi bayo. Bamenyesha kandi kw’igitigiri c’abahitanwa canke abakomerekera murico gitero gishobora kwiyongera kuko hashobora kuba hari abo ivyo bitaro canke izindi nyubakwa ziri hafi yaho zaguyeko bataratabagwa.

Raque Ayora, umuyobozi w’ivyo bitaro avuga ati, ntakuntu uwariwe wese yari afise ubushobozi bwo kugira ico gitero ca roketi atari azi ko ryari ivuriro.

XS
SM
MD
LG