Uko wahagera

Intumwa Idasanzwe ya ONU muri Siriya


Intumwa idasanwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Siriya yaraye igaranye n’umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu wa Irani Mohammad Javad Zarif, I Tehran ku mugwa mukuru wa Irani.

Iyo ntumwa ya ONU ivuga ko yabaye inama ngirakamaro. Aho ni mugihe hategekanije kuba ibiganiro vy’amahoro hagati y’ibihugu bitandukanye ku ntambara iri muri Siriya mu mpera z’uku kwezi.

Mwitangazo ibiro vyiyo ntumwa Staffan de Mistura wa ONU vyashikirije, yavuze ati: nkuko vyagenze igihe yari murugendo muri Saudi Arabiya kw’itariki zi 5 z’ukwezi kwambere, yarasavye kandi araronka akizero kubo vyari kumwe mu nama. Ako kizero nuko icuka kibi kiri mukarere k’ibihugu vy’abarabu kitazoba inzitizi kubijanye no gushigikira ibiganiro vyo kugarura amahoro muri Siriya kimwe no gutegura ibiganiro vy’umwumvikano I Geneva mu Busuwisi mu ntumbero yo kugarura amahoro muri Siriya.

Ejo ku musi wa mungu De Mistura yavuze ko Iran yamwereye yuko imigenderanire yatitutse hagati yabo na Saudi Arabiya itazotera ibibazo mu biganiro vyo kugarura amahoro mugihugu ca Siriya.

XS
SM
MD
LG