Uko wahagera

Mali: Umusuwisikazi Yashimuswe i Tombuktu


Beatrice Stockly amaze kurekurwa tariki ya 24/04/2012 avuye i Tomkuktu
Beatrice Stockly amaze kurekurwa tariki ya 24/04/2012 avuye i Tomkuktu

Mu gihugu ca Mali, umukenyezi w’umwenegihugu c’Ubusuwisi yar’asanzwe aba mu buraruko bwa Mali yaranyurujwe akuwe murugo rwiwe.

Ibaye incuro ya kabiri uwo mukenyezi anyuruzwa mu kiringo c’imyaka ine.
Abanyagihugu hamwe n’abategetsi bo mu ntara ya Tombuktu bamenyesha ko uwo mukenyezi azwi kw’izina rya Beatrice Stockly yatwawe akuwe mu nzu yiwe ku musi wa gatanu n’abantu bitwaje inkoho.

Gushik’ubu nta muhari n’umwe uriyitirira iryo nyuruzwa. Uwo mukenyezi Stockly, afise imyaka mirongo ine, kandi ni umumisiyoneri w’umukristu. Yari yarigeze gutwarwa n’abarwanyi b’umuhari wa Etat Islamike mu kwezi kwa kane k’umwaka w’2012. Bamurekura bamumaranye imisi cumi.

XS
SM
MD
LG