Uko wahagera

Undi Muntu Ukekwa mu Bitero byo mu Bufransa


Salah Abdeslam, yikekwa mu bitero vyo kw'italiki 13 z'ukwezi kw'icumi na rimwe, umwaka w'2015 i Paris, mu Bufransa
Salah Abdeslam, yikekwa mu bitero vyo kw'italiki 13 z'ukwezi kw'icumi na rimwe, umwaka w'2015 i Paris, mu Bufransa

Igipolisi c’igihugu c’Ububiligi camenyesheje uno musi ku wa gatanu ko catoye igikumu ca Salah Abdeslam yikekwa mu gitero cabaye kw’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe mu gisagara ca Paris igihe igipolisi cariko gisaka inyubakwa yabamwo mu gisagara ca Bruxelles.

Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu c’Ububiligi, yatangaje kw’itohoza ryatoye igikumu ca Salah Abdeslam, m’imisipi itatu ishobora kuba yarakoreshejwe kugira itware amabombe. Ivyo bikaba vyabaye mu gikorwa c’ugusaka cabaye mu kwezi guheze. Igipolisi cyatoye kandi ibimenyetso vy’amabombe mu nyubakwa Salah Abdeslam yabamwo.

Umuvugizi w’ibiro vy’umushikirizamanza mukuru w’igihugu c’Ububiligi ntiyasiguye igituma abategetsi barindiye ukwezi kugira batangaze ivyo batoye.

Abashikirizamanza batangaza ko Abdeslam ashobora kuba yinyegeje mu nyubakwa yasatswe n’igipolisi inyuma y’ibitero vyabaye mu gisagara ca Paris kw’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’2015, canke iyo nyubakwa ishobora kuba yakoreshejwe nk’ikibanza c’ugukora amabombe.

Igipolisi kiriko kirondera Abdeslam kuva ibitero vyo kw’italiki 13 z’ukwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka w’2015 bihitanye abantu ijana na mirongo itatu.

XS
SM
MD
LG