Uko wahagera

Ghana Izakira Imfungwa zivuye Guantanamo


Guantanamo, Cuba
Guantanamo, Cuba

Pentagoni, ubushinkirnganji bushinzwe kwivuna umwansi muri Reta zunzubumwe za Amerika yatangaje ejo ko imbohe zibiri zari mw’ibohero rya gisirikare rya Guantanamo muri Cuba zimuriwe mu gihugu ca Ghana.

Ivyo biro bimenyesha ko ingingo yo kwimura izo mbohe zagirizwa ibikorwa vy’iterabwoba yafashwe hisunzwe ibintu bitari bike kandi bamaze kwiga amadosiye yabo.

Ministre wa Ghana ajejwe imigenderanire n’amakungu amenyesha ko abo bantu bamuka mu gihugu ca Yemeni kandi ko bahanaguweko icaha c’iterabwoba.

Ibiro vya Pentagoni bimenyesha ko imbohe ijana na zitanu arizo zigisigaye mur’iryo bohera rya Guantanamo.

XS
SM
MD
LG