Uko wahagera

Sirleaf: Demokarasi ni Iyo Umuturage Wese Yiyumvamo


Perezida wa Liberiya Ellen Johnson Sirleaf amenyesha ko ashigikiye ko imyaka ibiringo vy’umukuru w’igihugu bimara yogabanuka.

Mugihe ibwirizwa nshingiro rya Liberiya ryemerere umukuru w’igihugu kwitoza ibiringo bibiri vy’imyaka itandatu, Perezida Sirleaf ashigikiye ko ibiringo vyoguma ari biriri ariko bikagabanywa ku myaka ine ine.

Umurwi washizweho kwiga ico kibazo washinze ko n’ikiringo aba senateri bamara mu myanya yabo cogabanywa kikava kumyaka icenda kikaja kumyaka itandatu. Ikiringo c’abadepite naco kikava ku myaka itandatu kikaja kuri ine.

Minisitiri wa Liberiya ajejwe kumenyesha amakuru avuga ko ico cipfuzoc’umukuru w’igihugu co kugabanya imyaka ibiringo bimara ari kimwe mu migambi yiwe yo gutsimbataza intwaro rusangi y’akarorero. Uyu minisitiri avugako iyi ari intwaro umunyagihugu wese azokwiyumvamwo.

XS
SM
MD
LG