Uko wahagera

Koreya ya Ruguru na Bombe ya Hydrogene


Igihugu ca Koreya ya ruguru, kimenyesha ko cyageregeje uno musi ku wa gatatu bombe ikomeye bita "Bombe a Hydrogene" mu rurimi rw’Igifransa. Ibyo vyanebaguwe bikomeye n’ibihugu bikomakomeye vyo kw’isi.

Itangazo kuri televiziyo ya reta rimenyesha kw’igeragezwa ry’iyo bombe ari uburyo bw’ugukingira ubwingenge bw’igihugu ca Koreya ya ruguru.

Igerageza ry’iyo bombe ribaye mu kiringo kiri musi y’ukwezi inyuma yuko umutegetsi mukuru w’igihugu ca Koreya ya ruguru, Kim Jong Un amenyesheje kw’igihugu ciwe cakoze bombe ikomeye cane bita "bombe a hydrogene" mu rurimi rw’igifransa.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibindi bihugu bikomakoye vyo kw’isi ntivyemeye ivyatangajwe n’abategetsi b’igihugu ca Koreya ya ruguru. Iyo bombe ya hydrogene irakomeye cane kurusha bombe atomique.

Igihugu ca Koreya ya ruguru caragerageje incuro zitatu imbere yaho bombe zikoresha ubuhinga ruhonyanganda mu myaka y’2006, 2009 no mu mwaka w’2013.

Umuvugizi w’urwego rujejwe umutekanao w’igihugu muri Amerika, Ned Price avuga ko ibiro vya Perezida wa Amerika bitashoboye kwemeza ivyerekeye igeregezwa ry'iyo bombe Koreya ya ruguru ivugako yakoze. Yamara Reta zunze ubumwe za Amerika yagumye kmenyesha ku buryo bugaragara ko zitazokwemera igihugu ca Koreya ya ruguru gifise ibirwanisho ruhonyanganda.

XS
SM
MD
LG