Uko wahagera

Umunyapalestina Yarishwe n'Inteko za Israel


Intara ya Cisjordaniya kw'ikarata
Intara ya Cisjordaniya kw'ikarata

Igisirikare c’igihugu ca Israel catangaje ko umunyapalestina yasogose n’imbugita umusirikare w’igihugu ca Israel, ku musi wa kabiri, mu ntara ya Cisjordaniya, imbere yuko araswa n’inteko za Israel.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu karere ka Gush Etzion, ni bumwe mu bwicanyi busa n’ububa imisi yose bwahitanye abanya Israel barenga mirongo ibiri mu kiringo c’amezi atatu arangiye.

Muri ico gihe nyene, abanyapalestina barenga ijana na mirongo itatu barishwe, bagirizwa kuba bagize ibitero ku basivile n’abasirikare ba Israel, bakoresheje imbugita, inkoho, canke imodoka.

Ubwo bwicanyi bubonwa ko bufatiye kw’ishavu ry’abanya Palestina kubera Israel yigaruriye intara zabo, kandi yubaka ibibanza bijejwe kugererwamwo n’Abayahudi ku butaka bw’abanyapalesetina.

Bashaka ko buzoba igihugu cabo muri kazoza, hamwe n’urukurukuru ku migambi y’igihugu ca Israel y’ukwigarurira ikibanza gihezagiye co mu buseruko bw’igisagara ca Yeruzalemu, kizwi kw’izina ry’umusigiti wa Al-Aqsa, ku bayisilamu, na Temple Mount ku Bayahudi.

XS
SM
MD
LG