Uko wahagera

Reta zunze ubuwme za Amerika yugaye ikambi y’indege zitagira abadereva arizo "Drones", mu bumanuko bwa Etiyopiya, ikambi yari jejwe kugwanya iterabwoba muri ako karere.

Ambasade ya Amerika I Addis Ababa yabwiye Ijwi rya Amerika kuri uno musi wambere yuko ata basirikare ba Amerika bakiri mu ntara ya Arba Minch aho iyo kambi iherereye.

Iyo kambi ya gisirikare yashinzweyo na Amerika mu 2011 mu kurungikira indege za drones mugihugu ca Somaliya, ahansanzwe hari imigwi y’abagwanyi ba kiyisilamu ba al-Shabab.

Katherine Diop, umukozi mu biro vya Ambasade ya Amerika muri Etiyopiya bijejwe amakuru, yabitangaje muri e-mail yarungikiye Ijwi rya Amerika, avugako ibihumbi byombi, vyafashe ingingo yuko abasirikare ba Amerika mu ntara ya Arba Minch badakenewe muri aka kanya.

XS
SM
MD
LG