Uko wahagera

Arabiya Sawudite Yaciye Umubano na Irani


Igihugu ca Arabiya Sawudite cahagaritse imigenderanire n’igihugu ca Irani inyuma yaho abantu bari mu myigaragamvyo kumurwa mukuru wa Irani batereye ambasade ya Arabiya Sawudite.

Babigize biyamiriza iyicwa ry’indondozi y’idini ry’aba Islamu b’Abashiyite Sheikh Nimr al-Nimr ryabaye ku musi wa gatandatu.

Minisitiri w’ububanyi n’amahanga wa Arabiya Sawudite yamenyesheje ivyo ejo ku musi wa mungu. Yavuze ko abadiplomate bose ba Irani bari muri Arabiya saoudite bakwiye kuva mu gihugu mu masaha 48.

Yabwiye abanyamakuru ko intwaro ya cami y’aba Islamu b’abasunite idashobora kwemera ko reta y’aba Islamu ihungabanya umutekano wa Arabiya Sawudite. Abandi bantu 46 barishwe n’ingoma ya cami ya arabiya saoudite mur’ubwo bwicanyi bwo ku musi wa gatandatu. Ubwo bwicanyi bwatumye amakungu ashavura kandi akagabisha ko bizogira ingaruka mbi kur’uwo muryango wa cami wagirizwa gutegeka ubwo bwicanyi.

Mw’itangazo yashikirije inyuma y’urwo rupfu, Reta zunzubumwe za Amerika yavuze ko izobandanya isaba abategetsi bo mur’ako karere gufata ingingo zituma uruhagarara ruhagarara.

Mur’iryo tangazo nyene, Amerika ziremera ko inyishu ziciye muri dipolomasiya hamwe n’ibiganiro aribwo buryo bwonyene bwotuma ataruhagarara rubaho.

Igihugu ca Irani cavuze kumusi w’Imana ko Arabiya Sawudite kizokwishura ubwo bwicanyi cakoze

XS
SM
MD
LG