Uko wahagera

Yemeni: Indongozi ya Al-Qaida Yarishwe


Shi'ite fighters ride on a patrol truck as they chant slogans during a tribal gathering showing support for the Houthi movement in Sana'a, Yemen, Dec. 14, 2015..
Shi'ite fighters ride on a patrol truck as they chant slogans during a tribal gathering showing support for the Houthi movement in Sana'a, Yemen, Dec. 14, 2015..

Abarwanyi bashigikiye reta ya Yemeni bamenyesha ko bishe umwe mu ndongozi za al-Qaida bamwicana n’abanywanyi babiri.

Iyo ndongozi yitwa Ali Abed al-Rab bin Talab, yari arongoye sentare yashizweho n’umuhari al-Qaida mu ntara ya Hadramawt yo muri Yemeni.

Abategetsi ba Yemeni bamenyesheje ko uwo al-Rab bin Talab yishwe ari mu miduga yariko ija mu bumanuko bw’ikivuko co mu gisagara ca Aden.

Imihari ya Al-Qaida na Etat Islamique bamye bifashisha akajagari k’intambara igihugu ca Yemeni kirimwo kugira binjire mu kivuko kiri kumurwa mukuru aho bagaba ibitero kubategetsi bashigkiye reta ya Yemeni.

Reta zunzubumwe za Amerika zamye zbona ko Ishami rya Al-Qaida riri muri Yemeni ariryo riteye ubwoba mu mirwi yose y’iterabwoba kw’isi.

Intambara muri Yemeni yatanguye mu kwezi kwa cenda umwaka w’2014 igihe abarwanyi b’abayisilamu b’abaHouthi bafatiye umurwa mukuru Sana bituma Perezida Abdu Rabu Mansour Hadi' na reta yiwe bahungira muri Arabiya Sawudite.

XS
SM
MD
LG