Uko wahagera

Al-Shabab Ikurikirira Hafi Politiki y'Amerika


Umuhari w’iterabwoba wa al-Shabab warasohoye amasanamu ya Videwo aho werekana igipolisi ca Reta zunzubumwe za Amerika kiriko kirarasa. Iyo videwo yarekana kandi Donald Trump ahiganirwa mu matora y’umukuru w’igihugu mu mugambwe w’abarepubulika, aho ashikiriza amajambo yo kwima uburenganzira abo mw’idini rya Isilamu kwinjira muri Reta zunze ubumwe z'Amerika

Iyo videwo yasohowe ejo ishobora kuba ifise umugambi wo kurondera abanywanyi muri Reta zunzubumwe za Amerika mu gukoresha amajambo ya Donald Trump ndetse n’ibindi bibazo bishobora gukwega abanywanyi hakoreshejwe ubuhinga bwa interineti.

Hillary Clinton wo mu mugambwe w’abaharanira demokrasi, nawe nyene ahiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yamenyesheje mu kwezi guheze ko umuhari wa Etat Islamique nawo nyene wasohoye videwo yerekana Donald Trump atyoza idini rya Isilamu n’aba mimzilima.

Iyo videwo yari ifise intumbero yo kurondera abanywanyi biyunga n’uwo muhari. Ivy’iyo videwo biracatohozwa ariko ikiriho nuko Al Shabab waronse akaryo keza ko gukoresha amajambo Donald Trump akunda gushikiriza artyoza idini rya Islamu.

Inyuma yaho iyo videwo isohokeye umuvugizi wa Al Shabab atashimye kwivuga izina yashikirije ko abamizilima baba muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bakwiye guhitamwo kuvayo canke bakiyunga nabo mu ntambara bise nyeranda.

XS
SM
MD
LG