Uko wahagera

Burundi: Ibiganiro vy'Amahoro Bizibanda ku Ki?


Ibiganiro vyahuje abarundi
Ibiganiro vyahuje abarundi

Igisagara ca Entebbe muri Uganda ni co cakiriye ibiganiro vya mbere bihuza Abarundi.

Mu nama ya mbere yabaye kw'igenekerezo rya 29/12/2015, umuhuza w'ibiganiro, Perezida w'Ubuganda Yoweri Museveni yatangaje kw’ibindi biganiro bitegekanijwe kw’igenekerezo rya 6 ry’ukwezi kwa mbere, mur’uyu mwaka w’2016 buca utangura.

Mur’iyo nama ya mbere, reta y'Uburundi yavuze ko yatangajwe n’ukubona abahuza bahaye ijambo abahurikiye mu mu runani CNARED, irega ko bagize uruhara muri coup d‘etat yateshejwe hamwe no mu myiyerekano yabayemwo imigumuko, barahawe ijambo.

Abahurikiye muri CNARED bobo bavuga kw’ata munywanyi wabo yakoze ivyo vyaha reta ibagiriza.

Vyongeye, reta y’Uburundi ivuga kw’igenekerezo rya 6 ry’ukwezi kwa mbere, bataryumvikanyeko.

Mbega ivyo biganiro ntivyoba bitanguye mu ngorane, ziyongera ku kuntu ukuganira kw’abanyapolitike mu Burundi kutigeze kworoha?

Mu kiganiro Murisanga, umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Frederic Nkundikije yaganiye na Dr. Amedee Nkeshimana, aba I Buruseri mu gihugu c’Ububirigi, Chauvineau Mugwengezo, umuvugizi w’urunani CNARED, nawe nyene ari m’Ububirigi, hamwe na Ndorimana Semana, yahononoye ibibazo vyo mu ntara ya Afrika yo mu biyaga binini, aba mu Rwanda.

Abanywanyi b'Ijwi ry'Amerika babonye akaryo ko kubabaza ibibazo binyuranye.

please wait

No media source currently available

0:00 0:51:04 0:00

XS
SM
MD
LG