Uko wahagera

Amerika Ihangayikishijwe n'Abasivili Bapfa muri Siriya


Reta Zunzubumwe za Amerika ziratewe umutima uhagaze nuko igitigiri c’abasivile bapfa muri Siriya ciyongereye kuva aho Uburusiya butanguriye kugaba ibitero vy’indege mur’ico gihugu mukwezi kwa cenda uyu mwaka.

Imihari iharanira agateka ka muntu imenyesha ko abasivile baharurwa mu majana bamaze guhitanwa na misiles z’Uburusiya. Izo misile zatewe kubakozi bakora mu bitaro, ku mashure no ku masoko.

Mark Toner avugira deparitoma ya reta ya Reta zunzubumwe za Amerika yamenyesheje ejo kumusi wa kabiri ko Sekreteri wa reta John Kerry yavuganye ico kibazo na mugenzi we w’Uburusiya ajejwe imigenderanire n’amakungu Sergei Lavrov kuri telephone.

Uburusiya burahakana ivyo vyagiriji mukuvuga ko ibitero vyabwo vy’indege kubo bwita abagira iterabwoba bikorwa vyateguwe neza kandi babifashijwemwo n’igisirikare ca Siriya kugira ntibihitane abasivile ataco bazira.

Mark Toner yavuze kandi ko iyicwa rya Zahran Alloush yar’arongoye abarwanya reta yishwe mundwi iheze ryahungabanije akigoro ko guhagarika intambara kariko karakorwa.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ririko riraraba ko ryokwongera gutumako ibiganiro mpuzamakungu kuri Siriya italiki ya 25 z’ukwezi kwa mbere kuza.

XS
SM
MD
LG