Uko wahagera

Gineya: Nta Ngwara ya Ebola Ikiharangwa


Abategetsi bajejwe amagara y’abantu kw’isi batangaza ko igihugu ca Gineya cakuwe kurutonde rw’ibihugu birimwo ingwara ya Ebola, nyuma yaho abantu barenge 2,500 bahitanywe nayo muri ico gihugu.

Iryo tangazo rituma hasigara igihugu ca Liberiya conyene kurutonde rw’ibihugu vyari birindiriye kuva kururwo rutonde.

Umukuru wa banki nkuru y’isi Jim Yong Kim yasoye urwandiko ashimira reta n’abanyagihugu ba Gineya, kuba bashitse kuri iyo ntambwe ikomeye. Yasavye yivuye inyuma ko vyoguma ata muntu n’umwe asubiriye kwandura iyo ngwara.

Ejo ku musi wa gatatu ku mugwa mukuru wa Conakry, niho hazoba umusi mukuru wo gushikiriza icese iryo tangazo.

Umugwayi wanyuma yari azwi kuba akiriko aravugwa Ebola muri Gineya mukwezi kwa cumi na rimwe, yari uruyoya rw’imisi 21 rwari ruri mwivuriro riri mugisagara ca Conakry.

XS
SM
MD
LG