Uko wahagera

Siriya: Ibitero bya Bombe mu Mujyi wa Homs


Kuri uno musi wambere ibitero vy’amabombe abiri yatewe mu gisagara ca Homs muri Siriya cahitanye abantu 19. Cyakurikirana n’ikindi gitero c’ubwihevyi cagizwe aho abantu bariko bararorera ivyari bihejeje kwononekara muri ivyo bitero vyambere.

Ivyo bitero vyasambukiye mu karere ka al-Zahraa. Kugeza ubu igitigiri c’abahitanywe n’ivyo bitero ntikiramenyekana neza mugihe ikinyamakuru ca reta ya Siriya gitangaza ko hapfuye 19 ariko ishirahamwe rijejwe kugenduza agateka ka muntu ryo ritangaza ko hapfuye 32 abandi benshi bagakomereka.

Ivyo bitero bibaye ibitero vya kabiri bikomeye bibaye mugisagara ca Homs, nyuma yaho hapfunditswe amasezerano yo gushira hasi ibigwanisho mu ntango z’uku kwezi kwa 12, aho vyatuma reta ishobora kwigarurira agace k’ico gisagara abarobeli bari barafashe.

Ubu, hakaba hatangujwe ibikogwa vyo guhungisha abanyagighugu babakura mu bisagara bindi bitatu, nyuma yaho hapfunditswe amasezerano hagati ya reta n’abarobeli bagwanya reta ya perezida Bashar al-Assad yo kwemerera ko hinjizwa impfungugwa n’izindi mfashanyo ku banyagihugu bageramiwe n’intambara.

Intambara imaze maze imyaka 5 muri Siriya, imaze guhitana abantu barenga ibihumbi 250, inatuma abandi amamiliyoni n’amamilliyoni bata ingo zabo.

XS
SM
MD
LG