Uko wahagera

Burundi: Ibiganiro Bizakomereza Arusha mu Byumweru Bibiri


Mw’ijambo ryiwe,Pereizda wa Uganda Yoweri Museveni yabwiye abaraho ko yipfuza ko impande zatumiwe mu biganiro zokwirinda impari zidacika zifatiye ku bintu bitoboto zitoshirwa imbere ko ahubwo abarundi boshira imbere inyungu z’igihugu.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu Alain Nyamitwe ari nawe yaje arongoye intumwa za Leta y’Uburundi yashikirije ko kubona ibiganiro bitanguye ari intambwe ikomeye ku Burundi. Ku bwiwe Leta y’Uburundi yipfuza kuganira n’abo vyumvikanye n’umuhuza, kuko hari abo batemera mu bahawe ubutumire abaserukiye Leta bagiriza ko bashatse gutembagaza ubutegetsi kandi ko aribo bateye umutekano muke mu gihugu.

Léonard Nyangoma ku rutonde rw’abahawe ijambo vyavugwa ko yaserukiye abatavuga rumwe na Leta bahurikiye mu runani CNARED ruharanira ugusubiza agateka amasezerano y’i Arusha n’ibwirizwa nshingiro yavuze ko muvyo basaba harimwo gishinga Leta mfatakibanza mu Burundi ; hagategurwa amatora yemewe na bose.

Mu baje bavuye mu Burundi, bavuga ko batavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi, ntibashimye ingene Léonard Nyangoma yahawe ijambo nk’uwuserukira abatavuga rumwe na Leta kandi badahurikiye bose badahurikiye muri CNARED. Abo nabo ni Jacques Bigirimana arongoye umugambwe FNL na Agathon Rwasa arongoye urunani Amizero y’abarundi.

Bamwe mu baserukiye umugambwe uri ku butegetsi, aribo Victor Burikukiye icegera ca kabiri c’umukuru w’umugambwe CNDD-FDD na Daniel Gelase Ndabirabe avugira uwo mugambwe bashikirije ko batarota baja mu biganiro birimwo abashatse gutembagaza ubutegetsi bwa Perezida Petero Nkurunziza. Ariko Agathon Rwasa atera akamo abazoja mur’ivyo biganiro kworosha mu mitwe kugira uburundi buve mu ndyane zidahera.

Abakenyezi bahurikiye mu runani rw ‘abakenyezi baharanira amahoro n’umutekano n’abo nyene bashima ko ivyo biganiro vyuguruwe nyezina. Marie Louise Baricako abarongoye avuga ko bafise icizere ko bitebe bitebuke amahoro azoboneka.

Gilbert Becaud Njagwa arongoye ishirahamwe ONELOP rikurikiranira hafi amatora mu Burundi avuga ko kubona ibiganiro vyatanguye ari vyiza. Agasaba ko ibiro vy’umuhuza vyobanza gukura mu nzira impari zishingiye kw’ikurikiranwa ry’abagirizwa ivyaha.

XS
SM
MD
LG